Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu muri reta ya Washington, Reta zunze ubumwe z’Amerika bashikirije ejo ku musi w’Imana ko umuntu agira kabiri yahitanwe n’umugera wa Corona/COVID 19. Abashakashatsi bavuze ko uwo mugera wari umaze indwi zitari nke ugendagenda mu micungararo y’igisagara ca Seattle.
Aya makuru yiyongereye ku bandi bakozi babiri mu vy’amagara y’abantu mu karere ka San Francisco muri Californiya basuzumwe ko banduye ejo kuw’Imana. Naho mu gisagara ca New York umugore w’imyaka iharurwa muri 30 yasuzumwe ko yanduye mu gihe yariko aja muri Irani. Reta ya Washington imaze kuronka abantu 12 banduye.
Inyuma y’aho Abategetsi mu mareta hamwe n’ibisagara vy'Amerika bafatiye ingingo yo gusuzuma iyo ngwara, ibiharuro vy’abanduye vyiyongereye mu gihugu. Hagaragaye bashasha banduye muri reta za California, Illinois, Rhode Island, New York na reta ya Washington.
Icegera c’umukuru w’igihugu, Mike Pence, yashikirije ejo kuw’Imana ko hazokorwa ibishoboka vyose kugira umugera wa Corona ntiwamamare hose mu gihugu.
Facebook Forum