Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump avuga ko atibaza ko umugera wa Corona/COVID19 uzobangamira Abanyamerika ku rugero ruteye ubwoba. Yabishikirije mu kiganiro n’abanyamakuru mu biro vyiwe White House kuri uyu wa gatatu.
Trump yarashikirije ico reta yiwe iriko irakora mu kurwanya uwo mugera umaze guhitana ibihumbi vy’abantu kw’isi.
Abahinga ba reta hamwe n’abigenga bo mu gisata c’amagara y’abantu bavuga ko uwo mugera ufise ubushobozi bwo guhinduka vuba bwango.
Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu batangaje ejo kuwa gatatu ko abantu 14 bamaze kwandura umugera wa Corona muri Amerika hamwe n’abandi banyamerika 42 bugaraniwe mu bwato Diamond Princess ku nkengera z’Ubuyapani.
Facebook Forum