Uko wahagera

Umugera wa Corona Watanguye Gukwiragira kw'Isi


China corona virus
China corona virus

Koreya y’epfo yatangaje kuri uyu wa mbere abandi bantu bashasha 161 banduye umugera wa Corona/Covid19, biciye bishikana 763 bose hamwe bamaze kwandura. Abategetsi b’ico gihugu bemeje kandi ko abo umaze guhitana bashitse ku ndwi, ariko ivyo bitigiri bishobora guhinduka.

Ni mu gihe kandi Ubushinwa nabwo bwatangaje ko abandi bantu bashasha 648 banduye kuri uyu w’Imana. Muri rusangi abamaze kwandura mur’ico gihugu bashitse ku 76,936 na 2442 bamaze gupfa.

Hanze y’Ubushinwa, gushika ubu abarenga 1200 baramaze kwandura, abarenga 10 barapfuye.

Mu Butaliyano hatanguye gufatwa ingingo nk’izo mu Bushinwa harimwo guhagarika inkino z’umupira w’amaguru, ibiteramo, kwugara amasoko hamwe n’amashure.

Abantu barenga 50000 bo mu gisagara ca Milan mu buraruko basabwe kuguma mu mihana yabo, inyuma y’aho abarenga 150 batangajwe ko bamaze kwandura, batatu nabo bamaze gupfa.

Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu muri Irani nabo kuri uyu w’Imana batangaje ko abantu umunani bishwe na Corona, igihugu kimaze gupfamwo benshi hanze y’Ubushinwa.

Irani yatangaje ku musi wa gatandatu ko ihagaritse ingendo nzeranda muri Iraki mur’ibi bihe vy’ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG