Mu gihe abashingwamanza ba Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump babandanya kumuburanira ku vyaha yagirijwe kuba yararenze kubiri n’amategeko, igitabo kigiye gusohorwa na John Bolton yahoze ari umujenama muri perezidanse gishobora kubasamburira ivyo biregura.
Ikimenyeshamakuru The New York Times candikira muri Amerika catangaje ko uwo yahoze ari umujenama muri perezidanse yanditse ko Trump ubwiwe yamwibwiriye ko yahagaritse imiliyoni $391 z’imfashanyo ya gisirikare yari igenewe Ukraine. Ivyo, gushika ico gihugu gitangaje ko gitanguje amatohoza ku mudemokrate bashobora kuzohiganwa mu matora yo muri uyu mwaka, Joe Biden, ku vyaha vya ruswa.
Ico kimenyeshamakuru kivuga ko cahawe ayo makuru n’abantu batari bake bamaze kubona ibiri muri ico gitabo kitarashirwa hamwe.
Bolton yavuze ko yiteguye kwitaba nk’icabona mu gihe Sena yotora ikemeza ko ikeneye ivyabona hamwe n’izindi nyandiko. Abashikirizamanza b’umugambwe w’abademokrate bavuga ko bipfuza kumwumviriza. Gushika ubu ntaco perezidanse iravuga kuri ivyo vyashikirijwe n’ico kimenyeshamakuru The New York Times.
Abashingwamanza baburanira Trump kuri uyu wa mbere barinjira ku musi ugira kabiri wo gushikiriza ivyireguro kuvyagirizwa Trump imbere y’abasenateri 100.
Abashingamateka bamwegetseko ivyaha bibiri, vyo gukoresha umwanya w’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite no kubangamira ibikorwa vy’inama nshingamateka. Bemeza ko yarenze kw’ibwirizwa shingiro, akwiye gukurwa ku butegetsi.
Facebook Forum