Abarwanyi b’umurwi Boko Haram bishe abantu 5 banyuruza abandi batari bake muri Reta ya Borno mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya.
Abo barwanyi barashe ku murwi w’abantu bariko barondera inkwi ku musi wa kane hanze y’igisagara ca Dikwa, ku bilometero 90 umuntu avuye I Maiduguri, umurwa mukuru wa reta.
Abatishwe muri abo bantu bariko barondera inkwi barayanyaze yamara bamwe muri bo bo baranyurujwe n’abagize ico gitero.
Igisagara ca Dikwa kibamwo abantu barenga 70.000 bakuwe mu zabo n’ubwicanyi n’uruhagarara vyatewe n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram. Abo bantu bari mu makambi atandukanye aho bazera ku bifungurwa n’izindi mfashanyo bitanzwe n’amashirahamwe y’abagira neza.
Benshi muri bo barondera ibiti vyaguye mu bice biri hafi y’amakambi yabo kugira babigurishe ku barondera kubikoresha nk’inkwi z’uguteka. Ivyo mu ntumbero y’ukuronka amafranga y’ukugura ivyo bakeneye.
Ibitero vy’umurwi Boko Haram biramaze guhitana abantu 36.000 abandi bagera ku miliyoni zibiri barava mu ngo zabo muri Nijeriya.
Facebook Forum