Inteko ziyoboka Jenerali wa Libiya, Khalifa Haftar zishikiriza ko zafashe igisagara gikomeye ca Sirte cahora mu minwe y'abasirikare bayoboka reta ya Tripoli ishigikiwe n’amakungu.
Umuvugizi w’igisirikare ca Haftar yashikirije kuri uyu wa mbere ko ico gisagara cafashwe mu masaha make cane kandi cose.
Reta ya Tripoli ntaco irabivugako kandi nta birenze kuri ayo makuru birashikirizwa.
Sirte kiri ku nkengera z’ibahari Mediterane, kandi cegereye amasoko y’ibitoro. Niho Moammar Gadhafi yahoze arongoye Libiya yavukiye.
Facebook Forum