Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ritangaza ko akarere ko muri Afrika y’Ubuseruko ariko kaza imbere y’ibindi bihugu kw’isi mu banyagihugu barwaye Kanseri yo mu bwonko.
Mu kwezi kw’icumi, Kenya yaratanguje urucanco rwo gucandaga abana b’abakobwa bafise imyaka cumi mu ntumbero yo gukinga iyo ndwara.
Ni mu gihe abakenyezi bashika indwi bapfa buri musi muri Kenya bahitanywe na kanseri yo mu bwonko, nkuko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu.
Ibihugu bishika 115 kw’isi biramaze gutanguza urwo rucanco, harimwo bimwe mu bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko.
U Rwanda rwatanguje urwo rucanco mu 2006, rukurikirwa na Uganda mu 2015, Tanzaniya nayo irakurikira mu 2018.
Facebook Forum