Mu Burundi, umurwi w'igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira CVR mu mpfunyapfunyo y’ururimi rw’igifaransa, urabandanya ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abantu bahambwe ikivunga mu kibanza kiri muri zone Kamenge, igisagara ca Bujumbura.
Patiri Pascal Niyonkuru, umukuru w’iyo komisiyo ya CVR, ahagarariye ivyo bikorwa avuga ko ibitigiri bigenda vyiyongera uko imisi igenda.
Ku musi wa mbere bavuga ko bashoboye kuronka abantu bahambwe hamwe barenga 37 n’abandi batekewe hamwe badashobora guharurwa.
CVR ivuga ko abo bantu bishwe kuva mu ntambara yo mu 1994 no kuduga.
Muri Zone Kamenge mu buraruko bwa Bujumbura, niho hatanguye kuzurwa ibisigarira vy’abantu bahambwe mu kivunga ku rwego rwa Bujumbura.
Facebook Forum