Mu gihe inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yiganjemwo abademokrate vyitezwe ko kuri uyu wa gatatu itora ikemeza ko Perezida Donald Trump akurwa ku butegetsi, ibiro vya perezida, White House vyizeye agakiza kuri Sena yiganjemwo abarepublikani, aho Perezida azoburanishwa mu kwezi kwa mbere.
Senateri arongoye umurwi w’abarepublikani muri Sena, Mitch McConnell yemeje ko azokorana kandi avugire reta ya Trump muri izo mburano, ivyatumye anebagurwa ko iyo mvugo iteye kubiri n’indahiro y’abasenateri yo kutagira aho begamiye.
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, yashikirije ko kugomba kumukura ku butegetsi ari ukwemeza abantu ububeshi. Yongeye ko ari uguhindukiza kahize ka politike y’Amerika.
Mu butumwa ku rubuga Twitter, Trump aranegura kandi ibinyamakuru n’ababifasha, hamwe n’umugambwe w’abademokrate, ko bamara amasaha n’ayandi babangamira ubuzima bw’umugambwe w’Abarepublikani usanzwe wiyunze.
Facebook Forum