Umuhanuzi wa reta ya Myanmar, uwatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel, Aung San Suu Kyi, yitavye sentare mpuzamakungu i LaHaye kuri uyu wa kabiri, avugira reta yiwe yagirizwa ivyaha vya Jenoside.
Igisirikare ca Myanmar cagirizwa ubwicanyi kivunga, ugufata abakenyezi ku nguvu, ukuboreza igufa abayisilamu b’Abarohingya mu 2017. Ubwo bwicanyi bwatumye abantu barenga 700000 bahungira mu gihugu kibanyi ca Bangladesh.
Aung San Suu Kyi yafungishijwe ic’amaso mu rugo rwiwe mu kiringo c’imyaka 15 gushika mu 2010, ariko ubu ariko aravugira igisirikare camufunze.
Aung San Suu Kyi arahakana kandi yamye ashikiriza ko ibikorwa vya gisirikare kwari ukwivuna iterabwoba ku bitero vy’abarohingya kubajejwe umutekano. Yitezwe gutanga ivyemeza kuri uyu wa gatatu.
Facebook Forum