Ibisigi vy’uwahoze ari perezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe ntibigaragara uwuzobitorana.
Ikinyamakuru ca reta Herald cashikirije kuri uyu wa kabiri ko umukobwa wa Mugabe, Bona, yandikishije ubutunzi bwa se muri sentare nkuru y’igihugu kw’izina ry’umuryango.
Abashingwamanza b’umuryango bo bavuze ko bakirondera igisigi c’ubutunzi bwa Mugabe ariko mu gihe atawoboneka, bwoca bugaburirwa umukenyezi wiwe Grace Mugabe hamwe n’abana biwe bane.
Mugabe yapfuye mu kwezi kw’icenda muri Singapore, inyuma y’imyaka ibiri akuwe ku butegetsi n’umugambwe Zanu-PF hamwe n’igisirikare.
Yasize ubutunzi bungana na miliyoni 10 z’amadolari, imodokari 10, amatongo hamwe n’amazu atari make.
Facebook Forum