Uko wahagera

Abatohoza kuri Trump Boba Baronse Ivyemeza Bakeneye?


Ambasaderi wa Amerika muri Ukraine William Taylor, ibibamfu, na George Kent, icegera c'umwunganirizi mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu barahira imbere yo gutanga ubuhamya muvyo bazi kuri dosiye ya Ukraine.
Ambasaderi wa Amerika muri Ukraine William Taylor, ibibamfu, na George Kent, icegera c'umwunganirizi mu bushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu barahira imbere yo gutanga ubuhamya muvyo bazi kuri dosiye ya Ukraine.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yari akeneye kumenya nimba Ukraine yotanguza itohoza kuri Joe Biden yahoze ari icegera ca perezida igihe yahagarika amafaranga agenewe gufasha igisirikare ca Ukraine.

Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na William Taylor, ambasaderi w’Amerika muri Ukraine, igihe komisiyo ijejwe iperereza y’inama nshingamateka yariko irumviriza ibizwi n’abategetsi babiri bo ku rwego rwo hejuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu.

Iyi komisiyo ni yo iriko iratohoza nimba Perezida Trump yararenze ku mategeko mu gusaba Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, gutanguza iperereza kuri Joe Biden, ari mubahabwa amahirwe yo kuba umukandida w’umugambwe w’abademokrate mu matora y’umwaka uza.

Abo badiplomate babiri babwiye iyo komisiyo ko Trump yashizeho uyundi muhora wa kidipolomasiya utazwi wo gukurikirana ico kibazo ca Ukraine, urongowe n’umuavoka wiwe bwite, Rudy Giuliani, mu cizere c’uko Ukraine itangura amatohoza azoha inyugu za politike Trump.

Amategeko y’Amerika yerekeye ingene amafaranga akoreshwa mu myiyamamazo arabuza reta z’abanyamahanga gufasha mu matora y’Amerika. Ariko abashingamateka ni bo bazofata ingingo nimba ivyakozwe na Trump biri ku rugero rw’ivyaha ibwirizwa shingiro rivuga ko bikomeye vyotuma akurwa ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG