Mu gihugu ca Uganda, Nicholas Opiyo, umuntu yanonosoye ivyerekeye amategeko akaba aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abantu 75 bagirijwe ivyaha muri sentare.
Ni inyuma yuko igipolisi cinjiye mu bunywero bugenderwa n’abantu bakundana n’abo basangiye ibitsina kigahagarika abo bantu. Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko ari irindi totezwa rigizwe ku bakundana n’abo basangiye igitsina.
Nicholas Opiyo yatangaje uno musi ku wa kabiri ko igipolisi carekuye abantu 50 inyuma abo bantu bafashwe ku musi w’Imana ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala. Kasha Jacqueline aharanira uburenganzira bw’abakundana n’abo basangiye igitsina, ariyamiriza ivyagirizo vyuko abantu bafashwe n’igipolisi muri ubwo bunywero bari bafise ibiyayuramutwe.
Umuvugizi w’igipolisi avuga ko igipolisi kitarondera abakundana n’abo basangiye ibitsina.
Facebook Forum