Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abashingamateka bose, umutwe w’abadepite bazotora ku musi wa kane, mu ntumbero yo kwemeza canke guhakana ku gutanguza amatohoza ku vyaha Perezida Donald Trump akekwako.
Bizoba bikozwe mu ntumbero yo kwemeza ibiro vya perezida, Maison Blanche ko ayo matohoza yubahirije amategeko.
Perezida Trump hamwe n’abarepublikani bamushigikiye bamye bavuga ko ayo matohoza ariko akorwa mu buryo buteye kubiri n’amategeko, kuko yama abera mu mwiherero kandi ataremezwa n’abashingamateka, umutwe w’abadepite.
Abademokrate bariko baratohoza nimba Trump yarahagaritse imfashanyo z’amafaranga agenewe Ukraine, mu gusaba ko perezida Zelinskiy abanza kwemera ku mugaragaro gutohoza kuba demokrate no kuri Joe Biden n’umuhungu wiwe.
Facebook Forum