Ibihugu vyo kw’isi bicuditse na Reta zunze ubumwe z’Amerika bivuga ko iyicwa ry’uwahoze ari indongozi y’umuhari wa reta ya kiyisilamu Abu Bakr al-Baghdadi ari igikorwa gikomeye. Ariko bagabisha ko uwo muhari ukiri intambamyi.
Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko urunani mpuzamakungu rwo kurwanya iterabwoba rukwiye kubandanya urugamba.
Abandi bategetsi bakeje Perezida Donald Trump kuri ico gikorwa ni Ubwongereza, Turukiya, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, ariko bavuga ko bakwiriye guhemuka basanganguye ibisigarira vy’uyo muhari vyose.
Ku rundi ruhande, Iran ivuga ko iyicwa rya Baghdadi atari ikintu gikomeye, ko Amerika yishe ico yishiriyeho yongera irafasha.
Facebook Forum