Uko wahagera

Imyuzure y'Imvura Yahitanye Batandatu i Kinshasa


Karatiye ya Limete mu myuzure y'amazi, i Kinshasa, itariki 04/01/2017.
Karatiye ya Limete mu myuzure y'amazi, i Kinshasa, itariki 04/01/2017.

Abantu batandatu bapfuye muri Republika ya demokarasi ya Kongo, inyuma y’imvura y’isegenya yaguye ku murwa mukuru Kinshasa mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwa gatatu. Ivyo vyateye imyuzure y’amazi mu micungararo ya Kinshasa nk'uko vyashikirijwe n’umutegetsi waho.

Abanyagihugu babwiye Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko ibarabara rikomeye mu guhanahana ibidandazwa riva muri karatiye ya Matadi, ahari ikivuko, rija i Kinshasa ryugawe kubwo iyo myuzure y’imvura.

Imyuzure y’imvura irakunze kuba i Kinshasa. Mu kwezi kwa mbere 2017, abantu 48 barapfuye baguweko n’umusozi, inyuma kandi y'uko amazu asambuka, nkuko abategetsi babivuze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG