Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yateye Iyindi Misile Imbere y'Ibiganiro na Amerika


Televiziyo ya Koreya y'epfo yerekana Misile yatewe iva muri Koreya ya ruguru. Seoul, Koreya y'epfo, itariki 2/10/2019.
Televiziyo ya Koreya y'epfo yerekana Misile yatewe iva muri Koreya ya ruguru. Seoul, Koreya y'epfo, itariki 2/10/2019.

Koreya ya ruguru yateye ikindi gisasu gisa na misile, inyuma y’amasaha make ico gihugu gishikirije ko kigiye gutunganya imibonano yo ku rwego rwo hejuru na Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi wa gatandatu.

Igisirikare ca Koreya y’epfo cashikirije ko ivyo bigendajuru vyatewe biva mu gisagara ca Wonsan mu ntara ya Gangwon mu gatondo ku kuri uyu wa Gatatu.

Abategetsi b’Ubuyapani na bo bashikirije ko misile imwe yaguye mu gihugu cabo.

Mu gihe vyoba ari vyo, bwoba ari ubwa mbere mu myaka ishika kuri ibiri igisasu ca Koreya ya ruguru kigwa mu Buyapani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG