Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, ryashikirije ku musi wa gatandatu ko reta ya Tanzaniya idashira ahabona amakuru y'abakekwa kuba baranduye umugera wa Ebola muri ico gihugu.
OMS yashikirije ko yaronse amakuru ko hari abantu batari bake banduye Ebola mu bice bitandukanye muri ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko kandi bashizwe mu bwiherero, harimwo n'i Dar es Salaam.
Ni mu gihe abategetsi mu bihugu vyo mu buseruko no hagati muri Afurika bameze magabo kugira bakinge ko Ebola yamamara mu karere, inyuma y’aho yadukiye muri Republika iharanira demokarasi ya Congo, aho imaze guhitana abarenga 2,000 kuva mu kwezi kwa munani 2018.
Facebook Forum