Abasirikare ba reta ya Somaliya bashika kuri 20 barishwe abandi 18 barakomereka mu gitero umuhari w’iterabwoba al-Shabab wakoze ku kambi ya gisirikare mu bumanuko bw’umurwa mukuru Mogadishu, nkuko vyashikirijwe n’abajejwe umutekano.
Ayo makuru avuga ko aba Al Shabab baturikije bombe yari yatezwe mu modokari ku kambi ya gisirikare y’ahitwa El-Salin mu masaha ya kare ku musi w’Imana, igitero cakurikijwe n’ibitero vy’amasasu ku basirikare.
Umuvugizi w’igisirikare ca Somaliya, Mowlid Ahmed Hassan yavuze ko izo ntambara zamaze iminota ishika 40, avuga ko igisirikare civunye.
Hassan yashikirije ko abasirikare bishe aba Al shabab 13, ariko yanse gishikiriza igitigiri c’abasirikare biciwe muri ico gitero.
Igisirikare ca Somaliya cambuye iyo kambi ya El-Salin aba al-Shabab kw’itariki 6 z’ukwezi kwa munani. Yari imwe mu makambi ane mu ntara ya Lower Shabelle yigaruriwe n’abasirikare ba reta ya Somaliya.
Facebook Forum