Uko wahagera

Nijeriya Yatahukanye Abayo Barenga 300 baba muri Afrika y'Epfo


Abanyagihugu muri Johannesburg, mu myiyerekano yiyamiriza urwanko kubanyamahanga
Abanyagihugu muri Johannesburg, mu myiyerekano yiyamiriza urwanko kubanyamahanga

Abanyanijeriya barenga 300 baratahukwanwe n’indege mu gihugu cabo kuri uyu wa gatatu bavanwe muri Afurika y’epfo, mu gice ca kabiri mu ndwi imwe, inyuma y’ubwicanyi bufatiye ku rwanko rw’abanyamahanga bwahitanye abantu bashika 12.

Amasinzi y’abanyagihugu bari baje kubakira ku kibuga c’indege ku murwa mukuru Lagos.

Mu ndwi iheze abandi banyanijeriya bashika 200 baratahukanwe muri ubwo buryo.

Abanyanijeriya baharurwa mu 100,000 nibo bagereranwa ko baba muri Afrika y’epfo, nkuko bishikirizwa na Consula ya Nijeriya muri Johannesburg.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG