Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yaratoye yongera iremeza ingingo yo gutezurira ibihano ku birwanisho yafatiye Republika ya Centrafurika, aho reta yasinye amasezerano y’amahoro n’imihari 14 yitwaje ibirwanisho.
Iyo nteguro y'itegeko yateguwe n’Ubufaransa, ivuga ko vyihuta ko Centrafurika imenyereza kandi iha ibirwanisho inzego zayo z’umutekano kugira zibashe guhangana n’abahungamanya umutekano w’abanyagihugu.
ONU yari yafatiye Centrafurika ibihano vyo kutagura ibirwanisho mu mwaka w’2013, inyuma y’aho abarwanyi b’umuhari Seleka birukaniye ku butegetsi perezida Francois Bozize, ivyatumye haduka intambara hagati y’amoko atari make n’imihari ishingiye ku madini.
Facebook Forum