Uko wahagera

Perezida Paul Biya Atangaza ko Yiteguye Kuganira n'Abiyonkoye


Perezida wa Kameruni Paul Biya
Perezida wa Kameruni Paul Biya

Perezida wa Kameruni Paul Biya yatangaje kuri uyu wa kabiri ko agiye gutunganya ibiganiro mu gihugu mu mpera z’uku kwezi, mu ntumbero yo kurangiza ugutana mu mitwe hagati y’inzego za reta zijejwe umutekano hamwe n’inkehwa zo mu burengero zivuga ururimi rw’icongereza ziyonkoye ku gihugu.

Mu myaka irenga ibiri izo ndyane zadutse, ico gihugu kigwiriyemwo abavuga igifaransa nta gahengwe k’umutekano cigeze kironka, aho abanyagihugu barenga 2,000 bamaze kuhasiga ubuzima, abarenga 500,000 bakuwe mu vyabo nkuko ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch ribishikiriza.

Biya, yashikirije ko ivyo biganiro vyo mu mpera z’uku kwezi kw’icenda bizoba birongowe n’umushikiranganji wa mbere, Joseph Dion Ngute kandi bizohuza intumwa z’imihari yose yafashe ibirwanisho, harimwo n’inteko za reta hamwe n’abiyonkoye.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres arashima iryo tangazo rya perezida Biya, avuga ko ONU yiteguye gushigikira ivyo biganiro, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wiwe Stephane Dujarric.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG