Perezida wa Afurika y’epfo yaneguye ibitero bimaze imisi ku matungo y’abanyamahanga mu gisagara ca Johannesburg no ku murwa mukuru wa poritike, Pretoria.
Mu butumwa bwa videwo yarungitse ku rubuga rwa Twitter kuri uyu wa kabiri, Cyril Ramaphosa yavuze ko igihugu ciwe kitemera kandi kitazokwihanganira abagaba ibitero ku banyamahanga mu bihugu vya Afurika.
Igiporisi ca afurika y’epfo kimaze guhagarika abantu barenga 90 bagirizwa iyo migumuko mu bice bitanu vyasinzikaye. Amaduka nka yose yaturiwe n’ayasahuwe yose aracugawe mu gihe beneyo, benshi b’abanyamahanga batinya gusubira kuraba ivyabo.
Ku musi wa mbere amareta amwe y’afurika yaragabishije abayo baba muri Afurika y’epfo kwiyubara kandi baragaragaje umubabaro ku vyabaye. Abo nabo ni ambasade ya Etiyopiya, reta ya Zambiya, ndetse na perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yanahavuye arungika intumwa idasanzwe kwa mugenzi wa Afurika y’epfo Ramaphosa kumugaragariza umubabaro w’ivyabaye.
Facebook Forum