Uko wahagera

Guterres Asaba Imfashanyo Zikwiye zo Kurwanya Ebola


Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres, mu nama nshingamateka i Kinshasa. Ukwezi kw'icenda 2019.
Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres, mu nama nshingamateka i Kinshasa. Ukwezi kw'icenda 2019.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres asaba abatanga amafaranga gushitsa ivyo basezeranye kugira ikiza ca Ebola kirwanywe. Yabishikirije mu rugendo rw’imisi itatu muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo gushigikira ibikorwa vyo kurwanya ico kiza.

Guterres yabwiye abamenyeshamakuru i Kinshasa ejo kuwa mbere ko ONU imaze kuronswa ibice 15 kw’ijana gusa vy’amafaranga akenewe yo kurwanya Ebola mu gice gisigaye c’umwaka. Yabishikirije imbere yo kubonana na perezida Felix Tshisekedi.

Uwo mukuru wa ONU ku musi w’Imana yaragendeye kandi ikigo categekanirijwe kuvura abanduye Ebola mu buseruko bw’igisagara ca Beni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG