Imvura nyinshi n’imyuzure yahitanye ubuzima bw’abantu 62 muri Sudani, abandi 98 barakomereka, nkuko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta, SUNA kuri uyu w’Imana.
Sudani yinjiye mu bihe vy’imvura nyinshi kuva mu kwezi kw’indwi, aho abantu bashika ibihumbi 200 babangamiwe mu ma reta ashika 15 mur’ico gihugu, harimwo n’umurwa mukuru Khartoum.
Iyo myuzure yaragize ingaruka ku buzima bw’abanyagihugu aho amabarabara yacitse, ibigega vy’amazi birononekara, ibitungwa birahona ndetse amazi aterwa n’imigera y’ingwara nkuko bishikirizwa n’ibiro vya ONU bijejwe gutanga imfashanyo, OCHA.
OCHA imenyesha kandi ko izindi miliyoni 150 z’amadolari z’imfashanyo zikenewe, zirenze ku muriyaridi urenga umwe w’amadolari wari warasabwe wo gufasha Sudani yose.
Facebook Forum