Ibitero vy’indege z’igisirikare ca Isirayeli ku birindiro vya Irani muri Siriya na Iraki vyunyuye uruhagarara rwari rusanzwe hagati y’ivyo bihugu bisanzwe bitarabana ryiza, nkuko abakurikiranira hafi ivyo muri ako karere bagabisha.
Indege za Isirayeli zarateye ibirindiro vya Irani ku musi wa gatandatu hafi y’umurwa mukuru wa Siriya, nkuko vyashikirijwe n’igisirikare ca Isirayeli.
Ico gitero kwabaye ukwishura ku gitero ca drone igisirikare ca Irani cariko gitegura kugaba ku butaka bwa Isirayeli, nkuko vyashikirijwe na Ronen Manelis, umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeli.
Mu kwezi guheze, Isiraeli yatangaje ko yagavye ikindi gitero ku kirindiro c’abashiite muri Iraki, cakoreshwa nk’ububiko vy’ibirwanisho vya Irani.
Mu gihe zaba reta za Iraki na Isirayeli ata n’umwe yemeje ko ari inyuma y’ico gitero, abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bashikirije mu ndwi iheze ko Isirayeli ariyo yagirizwa ico gitero muri Iraki.
Facebook Forum