Igipolisi mu gihugu ca Zimbabwe cahagaritse abategetsi 10 bo mw’ishirahamwe riharanira inyungu z’abarimu bakorera mu bice vyo hagati mu gihugu -Amalgamated Rural Teachers Union of Zimbabwe.
Bahagaritse kandi uwunganira iryo shirahamwe, Douglas Coltart n’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi, Newzimbabwe.com yariko afata amasanamu y’ifatwa ry’abo bategetsi.
Abo bategetsi b’ishirahamwe riharanira inyungu z’abarimu, bariko bagerageza guha urwandiko umushikiranganji ajejwe ikigega, Mthuli Ncube, ku vyo bidogera bijanye n’imishahara y’abarimu. Abarimu muri Zimbabwe baronka amadolari 500 y’amanyazimbabwe ku kwezi, n’ukuvuga amadolari 50 y’amanyamerika.
Umuvugizi w’igipolisi ntiyashoboye gushikirwa kugira agire ico abivuzeko.
Ivyo bibaye mu gihe inteko zijejwe umutekano muri Zimbabwe zabujije mu ndwi iheze incuro zitanu umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, MDC kugirisha imyiyerekano mu mabarabara. Ivyo vyarakuyeho icizere ko Reta ya Zimbabwe izokwubahiriza ivyo yemeye vy’ukukwihanganira abatavuga rumwe nayo.
Facebook Forum