Ishami ry’umuhari wa reta ya kiyisilamu muri Afuganistani ryaremanze ko aribo bateye bombe yishe abantu bashika 63 bari mu bugeni, hakomereka 183.
Abishwe n’ico gitero c’umwiyahuzi mu bugeni bagizwe cane n’ubwoko bw’inkehwa bw’aba Shiite bo mu muryango w’aba Hazara.
Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati muri Afuganistani Nasrat Rahimi yaremeje ivyo bitigiri mw’ijambo yashikirije mu gatondo ko ku musi w’Imana, avuga ko abagore n’abana bari mu bapfuye.
Abatalibani babicishije ku muvugizi wabo bashikirije ko ubwicanyi nk’ubwo ku bantu barimwo abagore n’abana ata nsiguro bugira.
Hambavu y’ico gitero, iyindi bombe yatezwe mw’ibarabara yahitanye imodokari ku musi w’Imana mu buraruko bw’intara ya Balkh, hapfa abantu bashika kuri cumi n’umwe.
Facebook Forum