Uko wahagera

Abasirikare Babiri b'Amerika Bishwe muri Afuganistani


Abasirikare b'Amerika bo mu nteko za OTAN hamwe na bagenzi bo ba Afuganistani, mu buseruko bw'intara ya Nangarhar.
Abasirikare b'Amerika bo mu nteko za OTAN hamwe na bagenzi bo ba Afuganistani, mu buseruko bw'intara ya Nangarhar.

Abasirikare babiri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bariciwe ku rugamba muri Afuganistani ku musi wa mbere, nkuko vyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyiyemeje kurwaniriza umwansi hamwe, OTAN.

Aba basirikare bishwe mu gihe Amerika iriko irarondera inzira yo kuva mur’iyo ntambara bamazemwo igihe kirekire.Bashikanye ku gitigiri c’abasirikare 12 b’Amerika bamaze kwicirwa muri Afuganistani uyu mwaka.

Kuva mu mwaka uheze, Reta zunze ubumwe z’Amerika iri mu biganiro n’Abatalibani kugira bashike ku masezerano azorangiza intambara imaze imyaka 18. Amerika isa n’iyipfuza ko ibiganiro n’Abatalibani binyaruka mu gihe muri Afuganistani bari mu myiteguro y’amatora yo mu kwezi kw’icenda. Reta zunze ubumwe z’Amerika na y ifite amatora mu mwaka wa 2020.

Perezida w’Amerika, Donald Trump, yashikirije ko yipfuza ko imbere y’amatora yo mu 2020, abasirikare boba baratanguye kuvanwa muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG