Uko wahagera

OMS: Ebola muri Kongo Ntiyobuza Uruja n'Uruza n'Ibihugu Bibanyi


Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus mu kiganiro n'abanyamakuru ku kigo ca ONU i Geneva, mu Busuwise, itariki 14/08/2018.
Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus mu kiganiro n'abanyamakuru ku kigo ca ONU i Geneva, mu Busuwise, itariki 14/08/2018.

Ikiza ca Ebola muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo gikwiye kugirwa umwitwarariko w’amagara y’abantu wihutirwa n’amakungu, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS.

OMS yavuze ko kubona hari umurwayi yagaragaye mu gisagara ca Goma, kimwe mu bisagara binini muri Kongo, ari yo mvo itumye bashikiriza ivyo. OMS ivuga kandi ko umuvuduko w’abandura uteye ubwoba, aho abantu bari hagati ya 10 na 15 bandura buri munsi kandi 1,676 bamaze gupfa kuva Ebola itanguye kwibonekeza mur’ico gihugu.

Mu gihe igisagara ca Goma gihana urubibe n’u Rwanda kandi kirimwo ikibuga c’indege, OMS isaba ibihugu bibanyi kutabuza ingenzi gufata ingendo.

Umuyobozi wa OMS Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus asaba amakungu guhaguruka akarwanya ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG