Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres ejo kuwa kane yaraneguye bikomeye ibitero vy’indege vyakozwe mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, inyuma ya raporo yemeje ko ibitaro bine vyatewe bombe ku munsi umwe.
Rusehabaniha, ibitaro hamwe n’amavuriro abiri biri mu vyatewe mu bitero vyo kuwa gatatu, nkuko bishikirizwa n’urunani rw’abaganga muri Siriya.
Mw’itangazo ryasomwe n’umuvugizi wiwe, Guterres yagize ati "abanyagihugu hamwe n’inyubakwa zabo, harimwo ibitaro, bibwirizwa gukingirwa.
Ibitaro hamwe n’amavuriro 23 nivyo bimaze gusamburwa n’ibitero vy’indege kuva mu kwezi kwa kane mu bitero ibihugu rutura vyo mu burengero bw’isi bivuga ko bigamije gukura iterabwoba mu banyagihugu batitwaje ibirwanisho.
Intambara muri Siriya igeze mu mwaka wayo w’icenda, aho imaze guhitana ubuzima bw’abarenga 370,000, vyangaza imiliyoni.
Facebook Forum