Reta y'Uburundi yahagaritse ivy’agateganyo ibikorwa vy’Ishirahamwe ryigenga PARCEM rihamagarira Abarundi guhindura ingendo.
Iyo ngingo yatangajwe mu rwete Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Pascal Barandagiye, yateyeko umukono itariki 3/06/2019.
Ijwi ry’Amerika yabonye urwo rwete ejo kuwa mbere, aho uwo mushikiranganji asigura ko ishirahamwe Parcem ryari ryarababariwe mu nyuma ryemera ko rigiye guhindura ingendo ariko ntacigeze gikorwa.
Nk'uko umushikiranganji Barandagiye yabishikirije mu rwete, Ishirahamwe Parcem ryabandanije gutosekaza ishusho y’igihugu n’abategetsi mu ntumbero yo guhungabanya amahoro n’umutekano w’igihugu.
Radiyo Ijwi ry'Amerika yagerageje kubaza Faustin Ndikumana, umukuru wa Parcem, uko yakiriye iyo ngingo. Ntiyashimye ko tumufata amajwi, ariko yatubwiye ko ataco ashikiriza atarabaza ivyo ari vyo, mu gihe iyo ngingo biboneka ko imaze indwi zibiri ifashwe ariko yayibonye ku mbuga ngurukana bumenyi ejo kuwa mbere.
Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko agira ico ashikirije kuri uyu wa kabiri ari uko abanje gutohoza mu bushikiranganji vy’ukuri ko ari urwete nyakuri rw’umushikiranganji.
Parcem ni rimwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike yari akibandanya gukorera mu Burundi inyuma yo guhagarikwa gato muri 2015.
Facebook Forum