Uko wahagera

HCR Iratabariza Impunzi muri Uganda


Abakongomani mu kambi y'impunzi ya Kyangwali mu Buganda, itariki 19/03/2018.
Abakongomani mu kambi y'impunzi ya Kyangwali mu Buganda, itariki 19/03/2018.

Reta ya Uganda hamwe n’igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR bariko barasaba abafasha mu buryo bw’amafaranga gutanga imiliyoni 927 z’amadolari zo gufasha impunzi ziharurwa ku 1.2 ziri mu Buganda.

Kuba ari igihugu kibanyi n’ibihugu biri mu ntambara, Ubuganda bwakiriye impunzi zirenga umuliyoni zigizwe n’abavuye muri Sudani yo mu bumanuko, muri Kongo hamwe n’Abarundi.

Amafaranga asabwa na HCR azofasha kuronsa amazi, imfungurwa, uburaro hamwe n’ibindi vya nkenerwa mu buzima ku mpunzi, nkuko bishikirizwa n’umukuru wa HCR muri Uganda, Jens Hessemann.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG