Uko wahagera

UA Yoba igiye Gukemura Ikibazo ca Sudani?


 Abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bwa Afrika
Abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bwa Afrika

Igihugu ca Misiri catangaje ejo kuwa mbere ko gishobora kwakira inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika kur’uyu wa kabiri ku bibera muri Sudani.

Ivyo bitangajwe mu gihe abarongoye imyiyerekano muri Sudani bavuga ko bazoyibandanya i Khartoum, naho abasirikare bafashe ubutegetsi babasaba kwikurira ubwabo ivyo bugaje amabarabara.

Abateguye iyo myiyerekano, bashikirije ejo kuwa mbere ko bazobandanya imyiyerekano gushika abasivile bahawe ubutegetsi. Uwo muhari wahamagariye iyindi myiyerekano kur’uyu wa kabiri hamwe n’iyindi rukokoma ku musi wa kane.

Abasirikare bafashe ubutegetsi basavye abateguye iyo myiyerekano gukura ivyo bugaje amabarabara y’aho bashinze amahema.

Iryo gabisha ry’abo basirikare bafashe ubutegetsi rije haheze umusi ibiganiro hagati y’abari mu myiyerekano n’abasirikare ataco bivuyemwo kuko abasirikare baranse guhereza ubutegetsi abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG