Ibisata vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe gutanga imfashanyo biriko biratabariza ibihumbi vy’impunzi n’abimukira bafungiwe mu mabohero muri Libiya ari hafi y’ahabera imirwano, aho ubuzima bwabo busa n’ubugeramiwe.
Mu gihe umutekano ku murwa mukuru Tripoli ubandanya uyangara, mu gihe imirwano iriko iva mu micungararo yegereza mu gisagara hagati, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS rivuga ko abamaze kuhasiga bageze ku 121, n’abashika 600 bakomeretse.
Ico gisata ca ONU kivuga ko impunzi zirenga 1,500 hamwe n’abimukira bafungiwe mu mabohero ya reta hagati i Tripoli. Umuvugizi wa OMS, Babar Baloch, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ahagaritswe umutima n’umutekano wabo mu duce intambara zikomeyemwo.
ONU isaba abategetsi ba Libiya kudasiga izo mpunzi n’abo bimukira mur’ayo mabohero, kandi n’impande zirwana zikamenya ko abo bantu bakwiye gukingirwa hisunzwe amategeko mpuzamakungu. Aya makuru Ijwi ry’Amerika riyakesha umumenyeshamakuru waryo Lisa Schlein, ari i Geneve.
Facebook Forum