Abatalibani bavuga ko bahagaritse ibikorwa vy’amashirahamwe mpuzamakungu Croix hamwe na OMS mu turere bagenzura muri Afuganistani kandi n’umutekano w’abakozi babo ngo ntibakiwubazwa.
Uwo murwi w’abarwanyi b’abayisilamu bashikirije ejo kuwa kane ko basanze abakoze ba OMS bari mu bikorwa biteye amakenga mu masekeza yabo yo gutanga incanco, mu gihe aba Croix rouge nabo bagirizwa kudashitsa ivyo bemereye Abatalibani bitatomowe.
Yaba OMS canke reta ya Afuganistani ntaco barashikiriza kur’iyo ngingo yafashwe n’Abatalibani.
Iyo ngingo y’abarwanyi b’Abatalibani ije mu gihe abanyafuganistani bababa imiliyoni 10, barenga ica kane c’abanyagihugu bose bakeneye imfungurwa n’izindi mfashanyo.
Ibitero vy’abo barwanyi hamwe n’ivy’abasirikare ba reta vyarongerekanye mu mezi aheze nka hose Afuganistani, vyishe abarwanyi baharurwa mu majana ku mpande zose zibiri, zihitana abasivile kandi zatumye ibihumbi amacumi vy’imiryango bataye ingo zabo. Abatalibani bagenzura amadistrikte arenga ica kabiri c’amadistrikte 407 mur’ico gihugu.
Facebook Forum