Uko wahagera

Abasirikare ba Sudani Boba Bashigikiye ko Perezida Bashir Akinjura?


 Abari mu myiyerekano basaba perezida Bashir Gutanga imihoho, hanze y'ibiro bikuru vya gisirikare i Khartoum, 09/04/2019.
Abari mu myiyerekano basaba perezida Bashir Gutanga imihoho, hanze y'ibiro bikuru vya gisirikare i Khartoum, 09/04/2019.

Abagira imyiyerekano i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani barabandanya gusaba perezida Omar al-Bashir gutanga imihoho, aho kuwa kabiri ejo bari bashwabadukiye ku cicaro gikuru ca gisirikare, ahumvikanye ibisasu bikomakomeye.

Mu gihe abajejwe umutekano bariko bagerageza kubashwiragiza, abasirikare baciye babakingira, nkuko vyashikirijwe n’abavyiboneye.

Ibiro bikuru vya gisirikare vyugururiwe abakora imyiyerekano, bahisemwo kuhashinga amahema bigumiraho.

Abanyasudani ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga ko igisirikare gishigikiye abigaragamvya.

Ababibonye bavuga ko abigaragamvya babiri, umusirikare umwe wa reta umwe hamwe n’umwe ajejwe gucungera umutekano bishwe ejo kuwa kabiri, mu gihe abandi banyagihugu baharurwa mu macumi bakomeretse.

Mwomenya ko iyo myiyerekano yatanguye mu kwezi kwa cumi na kabiri igenekerezo rya 19 abanyagihugu biyamiriza iduzwa ry’ibiciro vy’umukate n’ibitoro, imyiyerekano yahavuye mu nyuma itumbera gusaba perezida Bashir amaze imyaka 30 ku butegetsi gutanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG