Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yaragabishije Uburusiya ko Amerika itazorera amaboko mu gihe Uburusiya buriko buratera icuka kibi muri politike muri Venezuela.
Ibimenyeshamakuru muri Venezuela no mu Burusiya vyatangaje ko indege z’intambara z’Uburusiya zashitse ku murwa mukuru Caracas ejo kuwa mbere, zirimwo umutegetsi wa gisirikare w’Uburusiya hamwe n’abasirikare bashika 100.
Uburusiya kuva kera bwamye ari soma mbike na Venezuela, bushigikiye perezida Nicolas Maduro, mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu bishika 50 bishigikiye Juan Guaido, yatangaje ko ariwe mukuru w’igihugu w’imfatakibanza, inyuma y’amatora yabayemwo impari mu mwaka uheze.
Umushikiranganji Pompeo asaba Uburusiya guhagarika inyifato itubaka, bukifatanya n’ibindi bihugu biriko birarondera kazoza keza k’abanyagihugu muri Venezuela.
Facebook Forum