Sentare y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarongereje ibihano kumuserbe wo muri Bosniya, Radovan Karadzic ku vyaha vyo mu ntambara vyiyongera kuvy'ihonyabwoko yari yaraciriwe imbere.
Karadzic, w’imyaka 73, yari yitavye sentare y’i Lahaye mu Buholande ejo kuwa gatatu aho yari yarunguruje ku myaka 40 yari yaraciriwe ahowe gutunganya ubwicanyi kivunga mu ntambara yo muri Bosniya, yabaye kuva mu mwaka w’ 1992 gushika mu 1995.
Umushikirizamanza yavuze ko mu mwaka wa 2016 sentare yihenze mu kumucira igifungo c’imyaka 40 ugereranije n’uburemere bw’ivyaha yakoze.
Igihe urwo rubanza rwasomwa, abagenzi hamwe n’imiryango yabuze ababo bariko barukurikirana ikibiriraho, bafise amafoto y’ababo barira kubw’umunezero.
Mu mabanga yiwe y’umutegetsi mukuru w’Abaserbe bo muri Bosniya, Karadzic niwe yakwirikirana ibikorwa vy’igisirikare vy’Abaserbe bo muri Serbiya.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho icahoze ari Yougoslaviya, yasanze Karadzic yagira ubwicanyi bugayitse bwakozwe n’Abaserbe mu ngwano yo muri Bosniya hagati y’umwaka w’i 1992 n’umwaka w’i 1995 yahitanye abantu ibihumbi ijana.
Facebook Forum