Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International rivuga ko abasivile 14 bishwe mu bitero bitanu vy’indege za Reta zunze ubumwe za Amerika muri Somaliya mu myaka ibiri iheze, ivyagiriji igisirikare ca Amerika gihakana gushimitse.
Amnesty ejo kuwa kabiri yarasohoye raporo idondoramwo abantu 65 bavyiboneye, amafoto asanzwe, amasanamu y’ibigendajuru vya satelite nk’ibishimangira ivyo bitero mu ntara ya Lower Shabelle kuva mu kwezi kw’icumi 2017 gushika ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.
Igisirikare ca Amerika ku mugabane wa Afrika (AFRICOM), gisanzwe gikora ivyo bitero vy’indege gifatanije na reta ya Somaliya, kivuga ko ata basivile bishwe kandi ko raporo ya Amnesty ishikiriza ibidahuye n’ivyo Africom Izi.
Abategetsi mu gisirikare ca Amerika bashikiriza ko ibimenyeshamakuru vyegamiye abarwanyi ba al-Shabab inyuma y’ivyo bitero vyama bica vyikika mu kiza bigafata amasanamu y’abarwanyi babo bapfuye bakayita ay’abasivile kugira berekane ivyemeza.
Mwomenya ko haruhande y’ibitero vya Amerika, abasirikare ba Kenya na Etiyopiya nabo nyene baragaba ibitero nk’ivyo muri Somaliya mu twigoro mpuzamakungu two guhasha al shabab.
Facebook Forum