Abantu bashika 24 barapfuye abandi 31 barakomereka ejo kuw’Imana igihe itereni itwara ibidandazwa yarimwo n’abantu bari bayinyegejemwo yata ibarabara ry’indarayi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi hamwe n’abajejwe amagara y’abantu.
Amakuru atangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP avuga ko iyo mpanuka yabereye mu ntara ya Kasai, iri mu gice co hagati gishira uburengero bw’igihugu.
Ibaye impanuka y’itereni igira gatatu mu kiringo c’ukwezi kumwe muri Kongo. Abantu batanu barapfuye mw’isanganya ry’itereni mu kwezi guheze ku gituro c’i Kalenda.
Impanuka z’amatereni mur’ico gihugu kinini cahoze mu bukoloni bw’Ububirigi zirakunda kuba kandi zigahitana abantu bivanye n’uko amabarabara y’indarayi ashaje hamwe n’ibiduga vya kera vyo kuva mu myaka y’ 1960.
Facebook Forum