Uko wahagera

ONU: Urubuga rwa Politike Rurakumira Bamwe mu Burundi


Francoise Hampson, na Doudou Diene, bari mu kanama ka ONU kajejwe amatohoza kw'ihungabanywa ry'agateka ka muntu mu Burundi
Francoise Hampson, na Doudou Diene, bari mu kanama ka ONU kajejwe amatohoza kw'ihungabanywa ry'agateka ka muntu mu Burundi

Akanama ka ONU kajejwe gutohoza ivyaha vyabaye mu Burundi kavuga ko reta ya perezida Pierre Nkurunziza iriko irakoresha ikandamiza. Batatu bakagize bavuga ko iki atari ikimenyetso ciza ku matora yimirije muri 2020.

Mu cegeranyo cashikirijwe umurwi wa ONU ujejwe ivy’agateka ka muntu i Geneve kuri uyu wa kabiri, ako kanana kagaragaje umubabaro ku ngingo Uburundi bwafashe yo kwugara ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu mu Burundi, inyuma y’imyaka 23 bikorera mur’ico gihugu.

Ako kanama kajejwe amatohoza ku Burundi nirwo rwego mpuzamakungu rwonyene rukurikirana iyubahirizwa ry’agateka ka muntu mu Burundi.

Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bwasavye amashirahamwe yose mpuzamakungu adaharanira inyungu za politike akorera mur’ico gihugu kwongera kwiyandikisha gusha no gutanga urutonde rw’abakozi bayo, kugira hasuzumwe ko amoko yose aserukiwe. Francoise Hampson, umwe mu bagize ako kanama avuga ko amwe muri ayo mashirahamwe yahisemwo kuva mu gihugu aho gukurikiza ibiteye kubiri n’ivyo yemera.

Ako kanama kavuga ko amatora yo muri 2020 ashobora gutunganwa hisunzwe uruhagarara rwa politike rwabaye muri 2015, aho perezida Pierre Nkurunziza yitoza mu kiringo kigira gatatu cateye amahane. Bavuga ko bafise ivyegeranyo vy’abayoboke b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi baterwa ubwoba, bafatwa ndetse bamwe bicwa.

Ambasaderi yamaho w’Uburundi muri ONU i Geneve, Renovat Tabu, yanebaguye abagize ako kanama, avuga ko ari abacangero b’abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi. Yanse kwemera iyo raporo avuga ko yuzuye ibinyoma, ibitutsi kandi irimwo politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG