Uko wahagera

Ibihugu Vyinshi Vyahagaritse Indege z'Ubwoko Boeing 737 Max 8


Ibihugu vya Australiya na Singapoure byabujije indege zitwara abantu zavyo Boeing 737 Max 8 gukorera mu kirere kiri hejuru y’ubutaka bwavyo. Ivyo bihugu vyiyongeye ku rutonde ruriko rutera rwiyongera rw’ibindi bihugu vyafashe ingingo ku vyerekeye indege z’ubwo bwoko.

Ivyo ni inyuma y’uko indege igira kabiri y’ubwo bwoko igize isanganya mu kiringo c’amezi atanu.

Amashirahamwe y’indege zitwara abantu mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi harimwo Ubushinwa, Indoneziya, Brezil na Mexique vyabujije indege zose zayo z’ubwoko bwa Boeing 737 Max 8 kuguruka.

Ni inyuma y’uko abantu 157 bapfuye igihe indege ya Boeing 737 Max 8 ikoreshwa n’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu z’igihugu ca Etiyopiya, Ethiopian Airlines, igize isanganya ku musi w’Imana.

Abategetsi bajejwe indege zitwara abantu muri Australiya na Singapore bavuga ko ingingo bafashe ari iz’agateganyo mu gihe itohoza ku mpanuka ribandanya.

Indege y’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu muri Etiyopiya, Boeing 737 Max 8 ni ubwoko bumwe n’indege yo muri Indoneziya yagize impanuka mu gice c’ibahari ca Java mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze. Iyo mpanuka yabaye iminuta mikeyi inyuma y’uko iyo ndege ihagurutse ivuye ku murwa mukuru w’igihugu ca Indoneziya, Jakarta. Iyo mpanuka yahitanye abantu 189.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG