Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo agiye kuzogira urugendo muri Isirayeli imbere y’amatora yo mu kwezi kwa kane igenekerezo ry’icenda, ariko ntazokwivanga muri politike y’ico gihugu, nkuko vyashikirijwe n’ubwo bushikiranganji ejo kuwa kabiri.
Pompeo yashikirije ku musi wa mbere ko ategekanya kugendera Libani, Isirayeli na Koweit mu ndwi iza, ariko nta genekerezo ryatanzwe, ariko hazoba ari imbere y’amatora muri Isirayeli nkuko ubwo bushikiranganji bubandanya buvuga.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, acuditse cane na reta ya Donald Trump, ari mu rugamba rukomeye rwa politike rushobora kumugirira ingaruka mu matora mu gihe ariko arakurikiranwa ku vyaha vyo kurya ruswa, no kunyuruza.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwavuze ko urugendo rwa Pompe rutazivanga muri politike y’ikindi gihugu.
Facebook Forum