Abepiskopi Katolika muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo basavye uno musi ku wa mbere abayobozi bashasha b’igihugu kuvavanura burundu n’inyifato idashemeye yaranze intwaro z’imbere yaho.
Umuvugizi w’inama y’abepiskopi Katolika muri Kongo, padiri, Donatien Nshole, avuga ko ako kamo kerekana ko bipfuriza ineza abategetsi bashasha. Mu vyo Abepiskopi basaba harimwo gushiraho intwaro igendera ku mategeko, kwubahiriza umutekano ku mbibe z’igihugu, kugarukana umutekano mu bice birimwo uruhagarara, intwaro ibereye hamwe n’ukurwanya ruswa.
Imigenderanire hagati ya Ekleziya Katolika n’intwaro ya Joseph Kabila yahoze ayoboye Kongo yari yatosekaye kuva mu mwaka w’i 2011.
Prezida mushasha, Felix Tshisekedi, yagize ugushiraho Reta igendera ku mategeko umwe mu migambi nyamukuru yo mu kiringo c’imyaka itanu yimirije.
Facebook Forum