Ishirahamwe rijejwe gutabara ry’igihugu ca Norvege, Norwegian Refugee Council, RNC, mu mpfunyapfunyo, ritangaza ko inkurikizi z’uruzuba zishobora kubandanya mu ntara ya Somaliland. Iryo shirahamwe rivuga ko abantu ibihumbi 725 bashobora kugeramirwa n’inzara muri iyo ntara.
Umuyobozi w’ishirahamwe, NRC, muri Somaliland, Voctor Moses, avuga ko abantu ibihumbi n’ibihumbi cane cane abapfasoni n’abana, basanzwe bahanganye n’ibibazo vy’ibifungurwa muri iki gihe, bafise impungenge ko ibintu bishobora kwunyuka. Ni mu gihe ata mvura yitezwe mu kiringo c’amezi atari make ari imbere.
Somaliland, intara yigenga ya Somaliya, iguma igeramirwa n’uruzuba hamwe n’intambara ibandanya mu karere ka Sool.
Umuyobozi w’iryo shyirahamwe ryo muri Norvege asaba amakungu gutanga umuliyaridi n’imiliyoni mirongo umunani y’amadolari agenewe gufasha mu bikorwa vy’ugutabara abanyagihugu muri Somaliland. Avuga ko amafranga akene atabonetse bizogira inkurikizi zikomeye ku butunzi vy’iyo ntara no ku buzima bw’abanyagihugu bayibamwo.
Facebook Forum