Abashingamateka n’abakenguzamateka mu nteko ishinga amategeko ya Amerika bari bajejwe ibiganiro bumvikanye ku vyerekeye gutanga amafranga ajejwe iyubakwa ry’uruzitiro rushasha ku nkengera z’urubibe hagati ya Amerika na Mexique. Barumvikanye kandi ku catuma imirimo ya Reta idasubira kwugara mu mpera z’iyi ndwi.
Yamara Prezida Donald Trump ntaramenyesha ko yemera ayo masezerano. Umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka bashitse kuri ayo masezerano mw’ijoro ryo ku musi wa mbere.
Ayo masezerano avurwa ko arimwo umuliyaridi n’imiliyoni 375 y’amadolari agenewe kwubaka uruzitiro ku bilometero 88 ku rubibe na Mexique. Ayo mafranga ni hafi y’ica kane c’imiliyaridi 5 n’imiliyoni 700 Prezida Trump yashaka ku ruhome ku nkengera z’urubibe na Mexique.
Ayo masezerano yashitsweko igihe Prezida Trump yariko yitegurira kugirisha ikoraniro mu gisagara ca El Paso muri Reta ya Texas rigenewe gutera akamo ku vyerekeye uruhome ku nkengera z’urubibe na Mexique.
Abategetsi bo mu biro vya prezida bavuga ko mu misi ya vuba Prezida Trump azotera igikumu kuri ayo masezerano yumvikanyweko. Basigura ko mu nyuma yaho azarondera amafranga agenewe kwubaka uruhome mu nzindi nzego za Reta Congres itabanje kubimuhera uruhusha.
Facebook Forum