Komisiyo y’igihugu ijejwe amatora muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, uno musi ku wa kane, ko urwo rwego rushobora gusibisha itangazwa ry’ibiharuro vy’agateganyo vyavuye mu matora yabaye ku musi w’Imana urangiye.
Corneille Nangaa ayoboye iyo komisiyo avuga ko bariko bakora bataruhuka kugira bashikirize ivyavuye mu matora mu gihe c’imisi itatu. Yamara avuga ko batabishoboye ritazoba ari ikosa ryabo.
Inyuma yuko asibishijwe incuro zitari nke, amatora y’umukuru w’igihugu yarabaye ku musi w’Imana urangiye.Yamara mu gihe igikorwa c’uguharura amajwi kiriko kiraba, abatavuga rumwe na Reta bafise impungenge ko hazoba ubusuma mu guharura ayo majwi, mu buryo bizohengamira ku ruhande rw’umukandida Prezida Joseph Kabila yipfuza ko amusubirira, Emmanuel Ramazani Shadary.
Komisiyo y’igihugu ijejwe amatora muri Kongo yemeye gusohora ibiharuro vyavuye mu matora vy’agateganyo kw’italiki 6 z’uku kwezi kwa mbere. Ibiharuro vya nyuma bitegekanijwe ko bishikirizwa kw’italiki 15 z’uku kwezi kwa mbere.
Prezida mushasha azorahira imisi 3 inyuma yaho.
Facebook Forum