Uko wahagera

Reta y'Amerika Irashobora Kugara Imirimo Yayo Imwe Imwe


Kongre y'Amerika irahatana kugirango yirinde ko imirimo ya reta yakugarwa
Kongre y'Amerika irahatana kugirango yirinde ko imirimo ya reta yakugarwa

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje uno musi ku wa gatanu ku rubuga, Twitter ko abademokrate ari bo bazobazwa iyugarwa ry’imirimo ya Reta. Ni inyuma y’uko yemanze icese ko hamwe imirimo imwe imwe ya Reta yokwugara ari we yoba yabikoze, mu gihe Kongre itokwemeza integuro y’itegeko ritegekanya amafranga Reta izokoresha ririmwo imiliyaridi 5 z’amadolari agenewe kwubaka uruhome ku nkengera z’urubibe n’igihugu ca Mexique,

Inama nshingamateka igizwe ahanini n’abarepublika yaremeje ku musi wa kane integuro y’amafranga Reta izokoresha mu kiringo kigufi. Integuro y’iryo tegeko irimwo iyo miliyaridi 5 y’amadolari agenewe kwubaka uruhome ku ngengera z’urubibe n’igihugu ca Mexique.

Vyitezwe ko inama nkenguzamateka itora ku nteguro y’iryo tegeko uno musi ku wa gatanu. Ivyo mu mwizero ko imirimo imwe imwe ya Reta itaza kwugara igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro uno musi ku wa gatanu.

Prezida Trump yavuze ko n’iyo abademokrate batora oya, imirimo ya Reta izokwugara mu kiringo kirekire cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG