Uko wahagera

RDC: Dr. Mukwege Azotahuka mu Nyuma y'Amatora


Dr. Mukwege na Nadia Murad baherewe hamwe agashimwe Nobel k'amahoro
Dr. Mukwege na Nadia Murad baherewe hamwe agashimwe Nobel k'amahoro

Muganga w’umunyekongo Denis Mukwege aherutse gutsindira agashimwe kitiriwe Nobel k’uyu mwaka w’i 2018, yigijeyo ivyerekeye gutahuka mu gihugu. Vyari bitegekanijwe ko atahuka hirya y’ejo ku musi wa kane, imisi itatu imbere y’uko amatora akomeye aba muri Kongo.

Ayo makuru yatangajwe n’abakorana nawe mu bitaro vya Panzi mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Dr. Mukwege, umuganga avura abapfasoni bafashwe ku nguvu muri Kongo aracari i Bulaya kuva aronse agashimwe kitiriwe Nobel kw’italiki 10 za kuno kwezi.

Umuyobozi mu biro vyiwe avuga ko agifise amabanga y’ukuvugira amahoro muri Kongo. Atangaza ko bazomenyesha italiki azotahirako mu misi ya vuba.

Kiretse kuvugira abapfasoni, Dogiteri Mukwege ni umwe mu banebagura bikomeye intwaro ya Prezida Joseph Kabila.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG